BA MASO YESU ARAJE

BA MASO YESU ARAJE Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from BA MASO YESU ARAJE, Home improvement, Bujumbura.

12/01/2026

NTITWEMERE KUBA ABAJA B'ICAHA.

None rer' icaha ntikikabe ku ngoma mu mibiri yanyu izopfa, ngo mwumvire ivyo yifuza. Kandi ntimugahe icaha imibiri yanyu ngw ikoreshwe n'ukugabitanya; ariko mwishikanire Imana nk'abazuke bavuye mu bapfuye, n'imibiri yanyu muyihe Imana kugira ngw ikoreshwe no kugororoka
Abaroma 6:12-13

Ncuti yanje umubiri wawe uganzwa n'iki?mu mutima wawe ho n'igiki kiri ku ngoma? N'Imana ikuyobora canke n'ivyaha vyakugiz'umuja? Ivyiyumviro vyawe Bimeze gute?

Yesu arabishura, ati N'ukuri, n'ukuri ndababgire
Ukora icaha wese n'umuja w'icaha.
Umwana ni yabaha kwidegemvya, muzoba abidegemvya nyakuri*
Yohana 8:34, 36

Birashoboka ukaba umaze igihe ur'umuja w'icaha,ariko paulo yatwibukije ko Iyi mibiri izopfa, rero Urakwiye gufat'ingingo mu mutima yo kwakira Yesu Kristo kuko niwe aharira kandi akabohora, niwamwizera azokugirira neza usigare wibaza vya vyaha iyo vyagiye ubibure!

Siwe gusa wabayeho uboshwe n'ivyaha Yesu aramenyereye kubohora abantu natwe yaratubohoye vyinshi vyari bituboshe. Igihe ubaye urumuja wa satani agukoresha ivyaha kirahagije Haguruka wakire Agakiza utangure gukoreshwa na Yesu Kristo. Wipfuza gusengerwa twandikire kuri 65560313 twogufasha ah'uri hose.

🙏Ubikunze Sangiza abandi ubu butumwa ♥️

Ndabaramukije bene data dusangiye urugendo ruja mw'ijuru.Nezerewe no kubana namwe uyu mwanya kugira ndabahe message y'Ij...
31/12/2025

Ndabaramukije bene data dusangiye urugendo ruja mw'ijuru.Nezerewe no kubana namwe uyu mwanya kugira ndabahe message y'Ijuru kubijanye n'uyu mwaka twinjiyemwo.
-N'umwaka uje kugaragaza ubwiza bw'Umwami Yesu Kristo kubamwizera kandi hazogaragara n'abari bihishije mu gikorwa c'Imana(Ikivange).
-Hagiye kumenyekana Imana y'ukuri n'abayisenga mu kuri n'abayikorera mu kuri.
-Ntacahishijwe kitazonyeguruka,umuntu wese ivyarimwo azomenyekana ko ari mu kuri canke mu kinyoma.
-Ubushibozi b'umwiza buzomirwa n'ubushozi bwa Yesu Kristo,Ishengero rizomira idini.Kuvayo 7:10-12.
-Kugerageza k'umwana w'umuntu ntikuzoba kugishoboka.
-Benshi bazicuza bitagishoboka barondere ubuhungiro ariko igihe kizoba carenze kuko bakomantaje imitima bariko baburirwa.
-Ishengero rizoba mu mugisha,amahoro n'ubwiza bwinshi ariko abansi b'Imana bazoba mu marushwa menshi.
-Umurozi ntazoroga ngo bikunde,umupfumu azorondeza ikirere akibure,umunyamareba azomaramara imbere yabamushengereye.
-Urahiriwe wewe wubaha Imana(Yesu Kristo)kuko ataco uzosaba ngo ubure,umunezero uhoraho n'amashimwe bizokwama mu mahema yabahisemwo inzira y'agakiza.
-Kumbure wari ufise ubuhanuzi bw'uyu mwaka bunyuranye nubwo ubonye aka kanya,urabe gusa uruhande uherereyemwo ibisigaye n'igikorwa c'Uhoraho Umwami Yesu Kristo.Ntawuzobura ingero y'ivyo yakoze .Ame

🥖🥖UMUKATE WO KUMUGOROBA 🥖🥖🥖......NOEL NZIZA NUKO KRISTO ABA YICAYE KUNTEBE YUMUTIMA WAWE   Noël ni umwanya wo kwibuka iv...
24/12/2025

🥖🥖UMUKATE WO KUMUGOROBA 🥖🥖🥖
......NOEL NZIZA NUKO KRISTO ABA YICAYE KUNTEBE YUMUTIMA WAWE

Noël ni umwanya wo kwibuka ivuka rya Yesu Kristo — Umukiza wacu. Ariko, abakristo bamwe barayitwaramwo nabi, bayihindura umwanya wo kwinezeza mu vy’isi, aho guhimbaza Umwami. Dore inama n’ubutumwa vyobafasha:

---

1. *Menya ico Noël ivuga vy’ukuri*
➡️ Noël si umwanya wo gusinda, gukora ubusambanyi canke ubuhumbuzi, ahubwo ni wo *kwibuka ingabire Imana yaduhaye* — Yesu (Yohani 3:16).
📖 *"Kuko umwana yatuvukiye..."* (Yesaya 9:5)

---

2. *Saba Imana ikuyobore muri ico gihe*
➡️ Ntugatwarwe n’ivy’isi: impano, inzimano, ibiteramo… bimwebimwe birarenza. Saba Imana ikwereke uko woyihimbaza vy’ukuri.
📖 *"Ntukihindure nk’isi..."* (Abaroma 12:2)

---

3. *Shira Yesu hagati y’ibikorwa vyawe vyose*
➡️ Nimba uri mu muryango, rondera kumenyekanisha urukundo rwa Kristo, uzane umuco aho uri, ufashe abatishoboye.
📖 *"Ico mwakoreye umwe mu bo hasi... mwabinkoreye."* (Matayo 25:40)

---

4. *Kureka ibikorwa vy’isoni n’ibiterasoni*
➡️ Kwambara vy’urukozasoni, kwitwara nabi, inzoga, indirimbo zitahimbara Imana n’ibindi, ntibihesha Kristu icubahiro.
📖 *"Mwigumize mumaraso yera..."* (1 Petero 1:15-16)

---

5. *Niwumva wacumuyeko, subira kuri Kristo*
6. ➡️ Noël ni umwanya mwiza wo *kwihana*, no gusubira ku Mana, kuko Yesu yazanywe no gukiza icaha.
📖 *"Yesu yaje kurondera no gukiza icari cazimiye"* (Luka 19:10)

---

🛐 *Noël y’ukuri ni iyo Yesu aba ari ku ntebe y’umutima wawe.*
Niwamwakira neza, azoba ari we uhimbazwa koko, si gusa mu majambo, ariko no mu ngiro.

*Imana iguhe kwizera guhamye muri iyi Noël.* ✨🎄

Ndabakunda kandi mbipfuriza gushika mwijuru si gushika kumusi wa noel gusa sino kubona umwaka mushasha gusa no kuzobona Yesu mwambaye ukugororoka

🥖🥖🥖UMUKATE WO MUGATONDO 🥖🥖🥖......CANTIQUE YA 329 IKWIGIHA IKI..............1Nezerwa cane wa si we,Wakir' Umukiza,Namw' a...
24/12/2025

🥖🥖🥖UMUKATE WO MUGATONDO 🥖🥖🥖
......CANTIQUE YA 329 IKWIGIHA IKI..............
1
Nezerwa cane wa si we,
Wakir' Umukiza,
Namw' abayibamwo mwese,
Ni mutegur' imitima
Ngw abon' aho yinjira,
Ashikire mu rukundo,
Mumwakire, ntimumurekere hanze.
2
Nezerwa cane wa si we,
Umukiza yaje!
Mwa bantu mwe, muririmbe,
Munezerwe bishimitse,
Namwe bamarayika,
Mudufashe kuririmba,
Muririmbane natw' ishimwe rya Yesu.

3
Non' amahwa n'ibitovu
Ni mubirandure:
Ivyaha n'ibicumuro
Vyashishikaye kumera
Mu mitima y'abantu,
Vyabakwegey' umuvumo,
None Yesu yazanywe no kubakiza.

4
Yaje kuganz' isi yose
Ngw' abantu babone
Ishimwe n'icubahiro
Vy'ukugororoka kwiwe
N'urukund' abakunda
Yukw ar' uw'igitangaza,
Tumuhimbaze kw ar' Umukiza mwiza.
Indirimbo zo guhimbaza Imana 329:1-4

SHALOM BWOKO BWIMANA NTIMUPFE GUHIMBAZA NOEL MUHAGARARE NEZA MWIJAMBO RYUKURI RIZIMA

BURYA KUGICE CA GATATU BAVUGANGO NONE AMAHWA NIBITOVU VYASHISHIKAYE KUMERA MUMITIMA YABANTU IMANA IDUFASHE

WUMVA UZOHIMBAZA NOWEL NIVYO VYAHA VYAKUNANIYE KWIHANA

GENDA GAHORO YESU UKUVUKIREMWO KANDI YAMENYEREYE KUVUKIRA AHASA NABI UPFA KUMUHA IKIBANZA NAHO UBONA KO WONONEKAYE UWAVUKIYR MUBWATO BWINKA BURYA
* NOMUTIMA WAWE WA MBORERWA WE YOZA
* NO MUMUTIMA WAWE WA MUSAMBANYI WE YOZA MUHE IKIBANZA GUSA
* NO MUMUTIMA WAWE WAMUNYARWANKO WE YOZA
* WE WUZUYE ISHARI NINZIGO MUHE IKIBANZA ARIGUKIZE.WEWE WUZUYE UBUBESHI YOZA AKAGUKIZA,EHE YITEGUYE GUTSINDA KAMERE ZAKUNANIYE ,AGANZE MURI WEWE UMUBERE UBWAMI.
YESU KRISTO NIYAGUSHIKAMWO VYOSE BIRAHINDUKA UGIRE AMEREKOZO MEZA AGANA ISIYONI .

*NTIBAKUBESHE  YESU* NIWE AHARIRA. *NTIBAKUBESHE  YESU* ATANGA AGAKIZA*NTIBAKUBESHE  YESU* ATANGA AMAHORO*NTIBAKUBESHE  ...
05/12/2025

*NTIBAKUBESHE YESU* NIWE AHARIRA.

*NTIBAKUBESHE YESU* ATANGA AGAKIZA

*NTIBAKUBESHE YESU* ATANGA AMAHORO

*NTIBAKUBESHE YESU* YESU NIWE ATANGA AGAKIZA.

*NTIBAKUBESHE NGO UMUNYAVYAHA NGO AZOKWOROHERWA* HABA NINTETE NATIHANA AZOSHA.

*NTIBAKUBESHE YESU* NGO IVYAHA BITATANGA AMAHORO. NI NKOKUBIKA IKARA MUGASHAMBARA.

*NTIBAGUHENDE* NGO NTA JURU RIRIHO . RIRIHO URANYEGERA NDAGUSHINGIRE INTAHE.

NTIBAGUHENDE NGO BAKWOSHE GUKORA IVYAHA , BABWIRE KO UTINYA GUPFA RUBI.

*NTIBAGUHENDE* ngo uzobA urihana oya N'UBU nyene

*NTIBAGUHENDE* ngo GUSENGA UZOBA URASENGA OYA BIKORE UBU.

*NTIBAGUHENDE* NGO GUSHINGA INTAHE UCA URWA . OYA BIKORE YESU NIWE ATANGA INKOMEZI.

*NTIBAGUHENDE* NGO WISHINZE IVY'IMANA UCA UMENGO URI AKAJUJU. OYA NIHO UBWENGE BURI . TUBIKIWE IBINTU BIKOMEYE.

UHORAHO IMANA YACU ABAHE UMUGISHA MWESE MWUMVA IJAMBO RY'IMANA KANDI MUKARYUMVIRA MW'IZINA RYA YESU KRISTO.

  Heb 11:24 Kwizera ni ko kwatumye Mose ubwo yari amaze gukura, yanga kwitwa umuhungu w'umukobwa wa Farawo,Heb 11:25 ahu...
29/11/2025



Heb 11:24 Kwizera ni ko kwatumye Mose ubwo yari amaze gukura, yanga kwitwa umuhungu w'umukobwa wa Farawo,
Heb 11:25 ahubwo agahitamo kurengananywa n'ubwoko bw'Imana, abirutisha kumara umwanya yishimira ibinezeza by'ibyaha,
Heb 11:26 kuko yatekereje yuko gutukwa bamuhora Kristo, ari ubutunzi buruta ubwo Abanyegiputa babitse bwose, kuko yatumbiraga ingororano azagororerwa.
Heb 11:27 Kwizera ni ko kwatumye ava muri Egiputa ntatinye umujinya w'umwami, kuko yihanganye nk'ureba Itaboneka.

Ciye numva shatse gukizwa kurusha uko nigeze
Izere mpaka Imana ibiguharuyeko nkukugororoka.

Imana iduhe kuyizera n'imitima yacu yose n'ubwenge bwose n'inkomezi zacu zose mw'izina rya Yesu kristo.

*IJAMBO RYUMUSI*  *Ibiremesha_abubaha_Imana* =================YESAYA 40👇👇👇👇👇8  Ariko weho Isirayeli musavyi wanje, Yakob...
19/11/2025

*IJAMBO RYUMUSI*

*Ibiremesha_abubaha_Imana*
=================
YESAYA 40
👇👇👇👇👇
8 Ariko weho Isirayeli musavyi wanje, Yakobo uwo *natoranije* , ruvyaro rwa Aburahamu *umukunzi_wanje* :

9 wewe uwo natoye, nkagukura ku mpera z'isi, nkaguhamagara ng'uve ku mfuruka zayo, nkakubgira, nt' Ur' umusavyi wanje, naragutoranije sinagutaye;

10 *ntutinye* , kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd' Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere *nzokuramira* n'ukuboko kw'i buryo kw'ukugororoka kwanje.

11 Eh' abakurakiye bose bazoteterwa *bamaramare* : abagutonganya bazocika ubusa, baranduke.

12 Abaguhaririza uzobarondera ubabure, kand' abakurwanya bazocika ubusa, bakamangane.

13 Kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzogufata ukuboko kw'i buryo, nkubgire, nti Ntutinye, ndagutabara.

14 Ntutinye, musiba we Yakobo, namwe nkehwa z'Abisirayeli; nzogutabara, ni k'Uhoraho agize; kand' Uwera w'Abisirayeli ni we mucunguzi wawe.

15 Raba nzoguhindura igisekuzo gisha, gikarishe gifise amenyo: uzohuragura imisozi uyinoze, uzohindura uturambi nk'umuguruka.amen

Yesaya 21:11-12Imburi yo kuri Duma. Harih' umpamagara ar' i Seyiri, ati Yewe mushibamyi, ijoro rigeze hehe? Yewe mushiba...
17/11/2025

Yesaya 21:11-12
Imburi yo kuri Duma. Harih' umpamagara ar' i Seyiri, ati Yewe mushibamyi, ijoro rigeze hehe? Yewe mushibamyi, ijoro rigeze hehe?Wa mushibamyi aramwishura, ati Bugira buce, kandi bgongere bgire: ni mwagomba kubaza, mubaze; muhindukire muze.

🥖🥖🥖 UMUKATE WO KUMUGOROBA 🥖🥖.....UBWOBA UFISE BUVA KUKI??.........Maz' umusuku w'uwo muntu w'Imana, avyutse kare mu gato...
08/11/2025

🥖🥖🥖 UMUKATE WO KUMUGOROBA 🥖🥖
.....UBWOBA UFISE BUVA KUKI??.........

Maz' umusuku w'uwo muntu w'Imana, avyutse kare mu gatondo abona ingabo ziri kumwe n'amafarasi n'imikogote bajiguje ico gisagara. Uwo musuku abarira shebuja, ati Biracitse databuja! None tugira dute? 16 c Aramwishura, ati Nta co utinya, kukw abo turi kumwe ari benshi kuruta abari kumwe na bo. 17 d Maze Elisa arasenga, at' Uhoraho ndakwinginze, muhumure amaso, arabe. Nuk' Uhoraho ahumura amaso y'uwo musore, araraba, abona umusozi wuzuyekw amafarasi n'imikogote vy'umuriro bikikije Elisa. 18

ABANTU BESHI BARAFISE UBWOBA BWA KAZOZA KUKO BARABA KUBIBONEKA GUSA

ABANTU BESHI BAFISE UBWOBA BWABANA BAVYAYE IKIZABATUNGA KUKO BARABA KUBIBONEKA GUSA

ARIKO NAGOMBA NDABABWIRE NGO ABAZWI NIJURU BARINDWA NIJURU NYENE

ABATEKEYE AMAKURU YIJURU BARARINZWE NIJURU NYENE

BANTU BIMANA MURAMAHORO MBEGA MUBONA IKI IMBERE YANYU

NDAFISE UBWOBA NDAVYE INGENE ABANTU BATAYE IBIKORWA VYIZA VYIMANA NGO BAGIYE GUSHAKA IKIZABATUNGA BURYA SIYO NYISHU GUHEBA IMANA NIBIKORWA VYIMANA.

IMANA IDUHE AYANDI MASO YO KUBONA MW'IZINA RYA YESU KRISTO.AMEN

MUGIHE ABANDI BARIKO BICWA NAMAZI MUMENYE KO NOWA YARIKO ARYA UMUNYENGA WAMAZI ARI MUBWATO YABAJE  BAMUTWENGARONDERA IKI...
03/11/2025

MUGIHE ABANDI BARIKO BICWA NAMAZI MUMENYE KO NOWA YARIKO ARYA UMUNYENGA WAMAZI ARI MUBWATO YABAJE BAMUTWENGA

RONDERA IKIZOGUKIZA UKIRI MUZIMA . RONDERA IKIZOGUKIZA

WIHANE BIGISHOBOKA

🥖🥖🥖 UMUKATE WO KUMUGOROBA 🥖🥖🥖🥖🥖...... VUGIRA KUBINTU BIJA VYUMVA NAVYO........... Kare mu gatondo arikw arasubira mu gis...
31/10/2025

🥖🥖🥖 UMUKATE WO KUMUGOROBA 🥖🥖🥖🥖🥖
...... VUGIRA KUBINTU BIJA VYUMVA NAVYO........... Kare mu gatondo arikw arasubira mu gisagara, yumva arashonje. Abonye umusukoni ku nzira, arawegera, ntiyagira ico awubonako, atar' amababi gusa, arawubarira, ati Ntugapfe wamye insukoni uhereye ubu ugash*tsa ibihe bidashira. Uwo musukoni uca ukabirana uwo mwanya. Abigishwa babibonye, baratangara, bati Mbeg' uyu musukoni uyu mwanya ukabiranijwe n'iki? Yesu arabishura, ati Ndababgire ukuri: Iyo muba muri n'ukwizera, mudakekeranya, ntimwokora ic' uyu musukoni gusa, ariko mwobgira n'uyu musozi, muti Shinguka, utabge mu kiyaga; vyoba ko. Kand' ivyo muzosaba vyose musenze, mwizeye, muzobihabga.
Matayo 21:18-22

IKINTU CATANGAJE ABANTU NINGENE YESU YABWIYE IGITI BAGIRA NGO NGIRANGO NTAKWIJE .... ARIKO BENEDATA BURYA IBINTU BIRUMVA NTIMUBONAKO IGITI CACIYE CUMA.....

Nuko haza inkubi ikomeye y'umuyaga, imipfunda yisuka mu bgato, bgariko buruzura. Ariko we yar' aryamye mu mutwe w'inyuma, yiseguye umusego yisinziriye. Baramukangura, baramubaza, bati Mwigisha, ntubabaye ko turiko turapfa? Arikangura, azibiza ingunza, abarira ikiyaga, ati Hora, utekereze. Umuyaga uraca, haba agahwekere rwose. Arababaza, ati N'iki kibateye ubgoba? Ntimurizera? Baratinya, bagira ubgoba bginshi, barabazanya, bati Mbeg' uyu n'umuntu ki, umuyaga n'ikiyaga ko bimwumvira?
Mariko 4:37-41

BI YESU YAJAGA ABWIRA IBIYAGA BIKUMVA JE SINTAHURA IMPAMVU NAKAJE UMWANYA NKAMARA AMASENGESHO YIMISI MYISHI MVUGA UBUKOMEZI BWIBIBAZO VYANJE BURYA IYO MBWIRA IBIBAZO VYANJE UBUKOMEZI BIMANA YANJE MBA NARISHUWE PE ....

NUMVA MFISE RINO JAMBO VUGIRA KUBINTU NAVYO BIJA VYUMVA ..
. UFISE ICAHA CAKUBOSHE KIBWIRE IMANA YAWE

... UFISE IMITWARO WOYIBWIRA YESU BYOGENDA NEZA

NAYO MAJAMBO RERO IMANA YAMPAYE MUHEZAGIRWE CAAANE

TWIZEREKO AHO MUHEREREYE AMASENGESHO YAGENZE NEZA

YARI MWENESO THADDEE NAHAYO

*AKIRA_YESU* Mwene data ntaco bitwaye ibihe bibi umazemwo igihe kirekire ariko uyu musi reka Yesu kristo ashike mubuzima...
30/10/2025

*AKIRA_YESU*
Mwene data ntaco bitwaye ibihe bibi umazemwo igihe kirekire ariko uyu musi reka Yesu kristo ashike mubuzima bwawe maze aguhindurire ivyanse guhinduka Kandi birashoboka kuwuvyizeye tuvyature mukuvugango *Amen*

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when BA MASO YESU ARAJE posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share