04/05/2026
🖼️AGAKURU K'UNO MUSI NI:
INGESO IRARABA NTHWERA (Igice ca 2)
Soma igice ca mbere hano: https://www.facebook.com/share/p/18m3tUweu3/
Ntibitevye, inzara iratera mu gihugu. Umusi umwe Bimari abwira umugore ati :
💬 Ndagiye gutembera, mugabo ni wacumba usigaze amarobe abiri; rimwe ry’Imana, irindi ry’iwanje. Iry’Imana urishire mu muryango, ihite itora yigire.
🚶♂️ Bimari aragiye, ahengereye mw’ijoro hatabona arinjiye mu nzu, ariye umutsima w’Imana, ahejeje aromboka asubira hanze. Amaze umwanya asubira kwinjira, araramutsa ashika haruguru. Umukenyezi wiwe amugaburira umutsima wasigaye. Bimari amubaza ko yagaburiye Imana. Ati :
✅ Ego,
Bukeye agira kwa kundi.
📖 Vyakabaye kera, umugore abona ko bimugoye, agenda kubaza umupfumu, ati :
💬 Jewe umugabo wanje yambwiye ngo nze ndacumba, mpakure amarobe abiri, rimwe ry’Imana, irindi ryiwe, none vyananiye. Wa mupfumu ati :
🧙 Ewe yaraguhenze : Imana ntirya, ni we yama abwira. Kugira ngo umuhane, urashusha ibuye urishire aho wahora ushira bwa butsima, ikinyoma kizoja ahabona.
🏠 Wa mugore arataha agira nk’uko umupfumu yamubwiye. Umugabo aje, aterura rya buye agira ngo ni irobe, arasha, aca ata hasi aromboka arasohoka. Haheze umwanya Bimari arinjira, araramutsa nk’umwe atacigeze. Umugore amuha amazi yo gukaraba. Bimari ngo ayakozemwo intoke, arashinyiriza. Umugore aramubaza ati :
🤔 Mbega ntuze aho wabaye iki ? Bimari ati :
🔥 Mu gitondo aho nariko ndash*tura Maribori, namereye mu mase nkubita ibiganza mu gicanıro. Amapfa yarinze ahera, Bimari adasubiriye guhenda umugore.
⭐ ⭐ ⭐
🌾 Haheze imisi itari mike, Bimari aja kuramutsa abagenzi ahasanga igisizimwe, kivuga giti :
👹 Jewe nshaka uwo noha impfizi yanje ngo ayirye, ayimaze nanje ndamurye. Abandi bari batinye. Bimari akibwira ati :
🐂 Yimpe ndayirye, uzoheza undye. Ariko ko nzoyirya jenyene, si nzoyimara uba. Uzorindira rero umwaka. Ca gisizimwe gihengera umwaka urangiye kiza kurya Bimari, gisanga ntaravyiheza. Bimari ati :
📖 Narakubwiye ko ndayirya jenyene, genda umare uwundi mwaka. Wa mwaka na wo uheze ca gisizimwe kiragaruka. Bimari akibwira ati :
💭 Ubwanje bugiye guhera. Mugabo banza undeke nitegure, umare imisi itanu, ku wa gatandatu uzoze undye. Kigenda gishavuye kuko Bimari yaguma akizembagiza.
🏡 Bimari abonye kigiye, afata isuka, yimba icobo mu rugo, ahejeje atora amagufa ya ya nka ayatamwo, arafurira, arondera amahwa asakira ya mva, hanyuma abwira umugore wiwe ati :
💬 Ca gisizimwe ni caza, urakibwira uti : « Yapfuye burya nyene mu nyuma zawe ». Bimari aca agenda inyuma y’urugo, yubaka agasago yiberamwo.
🌙 Wa musi yakibwira ugeze, ca gisizimwe kiraza, kiraramutsa giti :
😢 Muraduha abo kwa Bimari. Wa mugore asohoka yiyuha iryosozi ati :
🙅♀️ Oya dawe vyaracitse. Mu nyuma zawe Bimari yafashwe bukumbi aca arahwera, ng’iyo n’imva yiwe.
👹 Ca gisizimwe kibura imbwa n’imbwebwe kigenda cijiriwe. Bimari arasokoroka, asubira mu nzu yiwe yigamba ati :
🗣️ Je Bimari nahenze benshi, ubu ngiye kuba Bugabobwigaba.
⭐ ⭐ ⭐
👑 Bugabobwigaba abaye ngaho, mbere yiga n’umwuga wo gucura. Yacura ibintu vyiza cane, bose bagatangara. Umusi umwe ariko arajandajanda abwira abandi ati :
🛠️ Jewe ncura vyose, nta na kimwe conanira, n’umuntu nomucura. Abivuge bimukore. Baciye bagenda kubarira umwami, avyumvise aramutumako. Abimubajiye, abanza kumera nk’ubihakana ko ata vyo yoshobora. Yamara arateba aravyemera.
👑 Umwami ati :
⚔️ Nzokuronderera ubutare, uheze uncurire ibigabo bikomeye vyo kurwana, nzoca ndaguha ivyo ushaka vyose.
😟 Bugabo ataha yijiriwe, ntiyasubiriye gutora itiro, yibaza ingene yobigenza. Vyatevye, umwami amutumako ngo nazane ba bantu. Bugabo yaciye atora inka ayishira se, amwigana ingene umwami yamufatiye ku kinyoma, none atazi ingene yobigenza. Se amubwira ati :
🚶 Ingo tugende i bwami ndabigukize.
🏰 Baragenda, umwami ngo abone Bugabobwigaba amubaza ko yamaze gucura ba bantu. Se wa Bugabobwigaba abwira umwami ati :
👑 Mwami w’i Burundi, ugucura umuntu ni igikorwa kigambaraye rwose. Turagusavye ko woturonderera ikigega cuzuyemwo umunyota uvuye ku mishatsi y’abantu, n’ubwato bwuzuye amosozi. Umwami rero akoranya abantu biwe bose iyo bava bakagera ngo nibabamwe, imishatsi bayiturire. Aba ari we abatangurira. Iminyota bashira mu kigega, haba nuko boronka uwuzimije intango yaco.
🧺 Hanyuma baja mu vyo kurira. Babanza abagore n’abana ngo ni bo boyaronka ningoga na menshi, birabata. Umwami ngo nibabakubite barire. Barabakubita ariko biba ivy’ubusa. Umwami abonye birananiye abwira Bugabobwigaba na se ngo nibigire, agirako arabagabira. Bugabobwigaba ngo abone yagire yicishe umutwe akahakurwa na se, aca asubira kw’izina ryiwe rya kera ari ryo Bimari.
👉Basomyi bahire ino nkuru yoba itwigishije iki? bitubwire muri commentaire tube turasangira ikiyago👇👇