Christ chez vous cibitoke

Christ chez vous cibitoke Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Christ chez vous cibitoke, Home improvement, Cibitoke et mutakura, Bujumbura.

Olaola Yam bus azob ahari kubwanyu itariki 31/12 /2022.azob ar ijoro ridasa nayandii .igisagara cose c Bujumbura Ama bus...
27/12/2022

Olaola Yam bus azob ahari kubwanyu itariki 31/12 /2022.azob ar ijoro ridasa nayandii .igisagara cose c Bujumbura Ama bus arahari kubwanyu muze mutangure uyundi mwaka mwiyegeranirize Ubuntu busesekaye.

28/10/2022

Le seul et unique message digne à écouter dans ce monde.🌟

Christo mur twebwe n'ukubandanya kw'ibango ryiwe hano kw'isi
05/10/2022

Christo mur twebwe n'ukubandanya kw'ibango ryiwe hano kw'isi

22/08/2022

Icirore c'amahirwe
Intumwa Ferdinand Bright NIYIBIZI

UBUSHOBOZI BW’ISEZERANO

Ijambo ry’Umusi “Ariko none igikorwa yahawe kirusha icabo kuba ciza, nkukw’ar’umuhuza w’isezerano riruta iryabo, kuko ryashizweho n’ivyasezeranywe biruta ivy’iryabo” Abaheburayo 8:6

Abakristo benshi ntibaratahura isezerano barimwo iryo ariryo, nico gituma usanga n’ubuzima bwabo budahagaze neza kuko n’ivyo barimwo ntibabitahura neza, igihe cose Imana bayibona nk’umuntu adashaka kubagirira neza, mbere n’iyo bakoze ikintu kitarico ashobora kubagirira akantu umwanya n’umwanya, ariko ukuri nuko Imana Ikorera mw’isezerano ryayo na Kristo, uwuri muriwe wese Imana Imwemera biciye muri we, nta rubanza rumutsinda imbere yayo.

Umusi umwe Imana yagiraniye isezerano na Aburahamu, hama Aburahamu arizera, mu nyuma Isaka akivuka yategerezwa kuba hejuru kubera ko Imana yari yabwiye Aburahamu ko uruvyaro rwiwe ruzokwama ruri hejuru, Rero Isaka ntanakimwe yari yavuganye n’Imana, yari icamwa c’isezerano rya Aburahamu, yatera imbere kubera Se yumviye Imana.

Natwe sitwe twumviye Imana, turi ivyamwa vy’igikorwa ca Kristo, niwe yumviye kandi isezerano riri hagati yiwe n’Imana, twebwe nta sezerano riri hagati yacu n’Imana, tumaze kwizera Kristo, Imana Yaduhezagiye kubw’isezerano ifitaniye na Kristo, icowokora cose Imana Ikirabira muri Kristo, nico gituma n’igihe cose Imana yagirira neza abisirayeli yavuga ko Ibikoze kubwa Aburahamu atari kubwabo.

Mukundwa, umurongo wacu uratwereka isezerano turimwo, ni irya Kristo kandi rihagaze ku masezerano meza, Rero ubuzima bwawe butegerezwa gukayangana kuko ntibihagaze kuri wewe ariko ni inkurikizi y’isezerano rya Kristo n’Imana, uwuri muri Kristo wese yarahezagiwe imihezagiro yose, nimba mw’isezerano rya Aburahamu, Isaka yararima mu bugaragwa akimbura, ibikwerekeye birenze ivyo kuko isezerano urimwo rirushiriza kuba ryiza.

UKWATURA
Ndizera nico gituma natura ko ndi mw’isezerano ryiza cane rirengeye ayandi yose, narahezagiwe imihezagiro yose yo mw’ijuru bitavuye kuri jewe ariko bivuye kuri Kristo Yesu, Amen!!

ICIGWA KIRAMVUYE
Abaheburayo 7:22
Abaheburayo 8:9

# Ishengero SPIRIT GARDEN
# Ijambo ryo Ku munsi Ku munsi
# Umwaka wo kugaragara kw'abana b'Imana
Mufise ico mubaza canke muterera, mwoduhamagara kuri: 79 158 973 canke 72 152 154

26/07/2022

💥IBISIGABWENGE CONFERENCE

Turi n'iteka ryo kubamenyesha ko hariho ama bus azofasha mu kwiyunguruza muri ya misi y'igikorane.

U.N: Izoba ari ku buntu ku muntu wese w'umush*tsi

▪️🗓Itariki:29&30 za kuno
▪️📍Ikibanza:Spirit Garden Church
▪️🕰Isaha:cumi z'umuhingamo

KAZE

21/07/2022
08/07/2022

🔴 IBISIGABWENGE CONFERENCE

Notre rendez-vous tant attendu de l'année s'approche à grande vitesse, la 7ème édition de notre conférence annuelle est enfin là.
Préparons-nous à vivre une expérience indescriptible dans la présence de Dieu.

Conférence :
Vendredi 29/07/2022
Samedi 30/07/2022

Anniversaire+Graduation (ISSL):

Dimanche 31/07/2022

📍 Spirit Garden Church
🕠16h30

30/06/2022

Icirore c'amahirwe
Intumwa Ferdinand Bright NIYIBIZI

UKWIMATANYA N’IVYAKUVUZWEKO NK’UBUVUGISHWA

Ijambo ry’umusi: «Iri bwirizwa ndariguhaye, mwana wanje Timoteyo, nkukw’abavugishwa n’Imana bakuvuzeko ubwa mbere na mbere, ng’ufashwe navyo kugwana intambara nziza,» 1 Timoteyo 1:18

Ubuvugishwa n’ijambo rivuye ku Mana, rizananye ububasha bwo gush*tsa ico rivuga mubuzima bwawe, abana b’Imana benshi barakunda ubuvugishwa kandi n’ikintu ciza kuko ijambo riratubwira kwirukira iyo ngabire yo kuvugishwa muri 1 Ab'I Korinto 14:1, ariko naho biruko iyo ubitahuye ukutariko birashobora kwica ubuzima bwawe, abatari bake ubuzima bwabo bwarafashe inzira itariyo, uno musi bakaba buzuye ukwicuza kubera ubuvugishwa baronse butaribwo, canke bwatanzwe ukutariko, canke butasiguwe neza bisunze ijambo.

Mu murongo wacu w’intango, Intumwa Paulo ariko aributsa Timoteyo ko hari ubuvugishwa kanaka bwavuzwe ku buzima bwiwe, gusa acamwibutsa ko amaze kubwumva adakwiye kwicara ngo arindire ugushika kwabwo, ahubwo ko akwiye guca ahaguruka agatangura kurwana intambara z’ukwizera kugira iyo mbuto y’ijambo yabibwe mubuzima bwiwe ntitakare ahubwo ko ikwiye kugaragaza ivyamwa vyayo.

Uno musi, muri Kristo Yesu nta muvugishwa ukwiye kurindira kugira ngo avugishwe ku buzima bwawe, kuko ijambo ryose ryanditswe mu muzingo w’isezerano rishasha n’ubuvugishwa ku buzima bwawe, muyandi majambo niwe ukwiye kuba umuvugishwa w’ubuzima bwawe, ico ukeneye ni ukwimatanya nayo mukwanka ibihushanye vyose n’ico Ijambo rikuvugako muri Kristo, nivyo bita ukugwana intambara y’ukwizera.

Mukundwa, ico Ijambo ryose ryakuvuzeko ntukwiye kukireka ngo kigende ukonyene kitagaragaje ico cavuze mu buzima bwawe, kuko ngo nta jambo ry’Imana risubira inyuma ridakoze ico ryari ryarungitswe kuvuga (Yesaya 55:11), ukwiye guca wimatanya naryo mukuryamiza mukanwa uryatura, ukarivuga ukanabibwira n’abakwegereye, ukwiye kubikorana ubushizi bw’amanga ukamenyesha abantu bose ko uri ku rutonde rw’abagwizatunga ruhebwa, bazogenzura amashirahamwe akomeye mw’isi, ntutinye kubibwira abakwegereye kuko urafise ikizogushikana kurivyo: ni akanwa kawe.

UKWATURA
Data ndagushima ko atajambo narimwe wavuze kubuzima bwanje rizosubira inyuma ritagaragaje ico ryari ryaje gukora, ndamatanye n’Ijambo ryose wamvuzeko ndaryamiza mukanwa kuko nizera ko uwarivuze atari umuntu ariko ko ari Imana yabivuze, nayo ikaba iri inyuma y’ijambo ryayo ngo irish*tse, mw’izina rya Yesu, Amen!!

ICIGWA KIRAMVUYE
1 Timoteyo 6:12




Mufise ico mubaza canke muterera, mwoduhamagara kuri: 79 158 973 canke 72 152 154

10/06/2022

Icirore c'amahirwe
Intumwa Ferdinand Bright NIYIBIZI

INGORO YA MPWEMU YERA

Ijambo ry’umusi “Ntimwari muzi ko imibiri yanyu ar’ingoro ya Mpwemu yera aba muri mwebwe kandi ko mutaciyegukira?” 1 Ab'I Korinto 6:19

Hari ukuri kwerekeye umuntu abatari bake batigeze bamenya, umuntu ubwiwe ntakwo yamenye. Ukwo kuri nuko umuntu ari impwemu, akaba mu mubiri, akagira n’umushaha. Ivyo benshi ntavyo bazi, babimenya gusa iyo umuntu atashe agapfa akava muri uyu mubiri, uza wumva bavuze ngo ikiziga ca kanaka kiri muburuhukiro, uwo kanaka none arihe? ko ikiziga ciwe arico catwawe muburuhukiro?

Ivyo bitwereka ko umuntu ar’icaremwe c’impwemu, wobimenya utobimenya umuntu ni impwemu, gusa ikirengeye ngaho rero iyo umuntu avutse ubwa kabiri mukwakira Umwami Yesu aca acika impwemu yo mu bwoko bw’Imana. Ijambo rivugako Imana Data ica irungika mpwemu w’umwana wayo muri twebwe ( Abi Galatiya 4:6).

Rero, ivyo benshi batamenya n’uko ka kameremere k’umuntu wa kera gaca gasubirizwa na kameremere k’Imana, ivyo Imana ishaka bigaca bifata ikibanza muri wewe, ntakintu na kimwe ca kera kiguma muri wewe. Mpwemu w’Imana aca aza kuba mu mubiri wawe, umubiri wawe ugacika ingoro yiwe, muyandi majambo ukubaho kw’Imana Data na Mwana kuba kuje mu muntu.

Mukundwa, umubiri wawe wacitse ingoro ya Mpwemu Yera, Ijambo ry’Imana rivugako icogerageza cose gusambura iyo ngoro yawe Data azoca agisambura, nimba ari indwara yoba igerageje kuza mu mubiriri wawe Data wenyene ubwiwe Yihaye inshingano yo guca agisambura, kuko waguzwe agaciro kanini, kandi uno musi Imana Igendagenda biciye muri wewe, wegukira Uhoraho, wacitse inyegu yiwe ibihe vyose.

UKWATURA
Data ndagushima ko ntigera mba ndi jenyene, igihe cose wama urikumwe nanje, wama uvugana nanje biciye muri Mpwemu wawe, aho ngiye hose nawe uba uhagiye, iyo mpagurutse nkaja mubitaro nawe uba ugiyeyo, niyo mpamvu ibitangaza n’utwumiza ariwo mugabane wanje, mw’izina rya Yesu, Amen!!

ICIGWA KIRAMVUYE
1 Ab'I Korinto 3:16-17




Mufise ico mubaza canke muterera, mwoduhamagara kuri: 79 158 973 canke 72 152 154

Address

Cibitoke Et Mutakura
Bujumbura

Telephone

+25779837199

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Christ chez vous cibitoke posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share